Uko wahagera

Amerika Igiye Kwita Abarobeli b'Abahuti muri Yemeni Umuhari w'Iterabwoba


Abarobeli b'Abahuti muri Yemeni
Abarobeli b'Abahuti muri Yemeni

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe z’Amerika ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo avuga ko ategekanya kwita abarobeli b’Abahuti bashigikiwe na Irani barwanya reta ya Yemeni umuhari w’iterabwoba. Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigabisha ko ibi bishobora gutera ingorane zikomeye ku bikorwa vyo gufasha abanyagihugu hamwe n’ingaruka za politike.

Iyi ngingo yamye yitezwe kuzoba kimwe mu bikorwa vya nyuma vy’ubwo bushikiranganji mu misi ya nyuma ya reta ya Trump, muri ibi bihe iriko irasatira Irani n’ibihano. Kwita iryo zina abo barobeli bizoba kw’italiki ya 19 z’uku kwezi kwa mbere, hasigaye umusi umwe ngo Perezida yatowe Joe Biden yimikwe.

Pompeo yavuze ku musi w’Imana ko kwita umuhari w'iterabwoba abo barobeli b’Abahuti bashigikiwe na Irani hamwe na batatu mu bategetsi babo, bigamije kubegekako ivyaha vy’ibitero njabuka mbibe kubasivile, ku nyubako no ku bwato bw’ibidandaza.

Ariko Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimaze indwi zitari nke rigabisha ko ingingo nk’iyo ishobora kuzobangamira ibikorwa vyo gufasha abanyagihugu muri Yemeni mu gihe ico gihugu kibeshejweho ahanini n’ibifungurwa biva hanze.

ONU ishikiriza amakenga kandi ko iki gikorwa ca Reta zunze ubumwe z’Amerika kizobangamira utwigoro two kuganira ku kuvugurura ibiganiro vya politike bigamije gushira hamwe impande zirwana muri Yemeni.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG