Uko wahagera

Igitero c'Abarwanyi b'Abahuti Cahitanye Abasirikare ba Yemeni 8


Abasirikare umunani ba reta ya Yemeni baguye mu gitero ca Misile zatewe n’abarwanyi b’Abahuti. Ico gitero cakomerekeje kandi abatari bake cari gitumbereye umukomanda uri ku rugamba mu ntara ya Marib.

Mu mezi aheze abo barobeli bashigikiwe na Irani barasatiriye cane abasirikare ba reta, mu buseruko bw’umurwa mukuru Sanaa wa Yemeni, bigaruriye mu 2014 igihe iyo ntambara ndende yatangura.

Abategetsi bavuga ko izo misile zibiri zatewe n’abahuti, imwe yaguye ku cicaro gikuru ca gisirikare mu ntara ya Marib kuri uyu wa gatatu, iyindi igwa ku kambi ya gisirikare.

Umukuru w’ibiro vya gisirikare, Jenerali Saghir bin Aziz, yarokotse ico gitero, ariko umuhungu wiwe hamwe n’abandi basirikare bahasize ubuzima.

Abahuti bigaruriye umurwa mukuru w’intara yo mu buraruko ya Al-Jawf mu ntango z’uyu mwaka. Ni akarere gahambaye kandi karimwo n’igitoro gituma baronka uburyo bw’amafaranga abafasha mu ntambara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG