Uko wahagera

ONU Iragabisha Amapfa Ashobora Gutera muri Yemeni


Abanyagihugu ba Yemeni bateshejwe ingo zabo
Abanyagihugu ba Yemeni bateshejwe ingo zabo

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryagabishije kuri uyu wa kabiri ko ibikorwa vyaryo vyo gutanga imfashanyo muri Yemeni bibangamiwe n’ikena ry’uburyo bw’amafaranga. ONU ivuga ko ivyo bizogira inkurikizi z’inzara, ibiza nka Cholera, na COVID-19 bishobora guhitana abanyagihugu benshi.

Umuyobozi w’ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo, Mark Lowcock, yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko hakenewe imiriyaridi 3 n’imiliyoni amajana abiri z’amadolari yo gufasha Yemeni uyu mwaka.

Yemeni ihanzwe kandi n’isubira inyuma ry’ubutunzi, ifaranga ryataye agaciro kandi abakozi ba reta bamaze imyaka badahembwa. Ibi biri mu bituma abanyayemeni benshi badashobora kugura ibifungurwa n’ibindi vya nkenerwa mu rugo.

Intambara imaze imyaka itanu hagati ya reta hamwe n’abarobeli b’abahuti bashigikiwe na Irani, yashize ico gihugu mu bukene, inzara n’imibabaro myinshi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG