Uko wahagera

Abadiplomate b'Amerika Basaba ko Perezida Trump Akurwa ku Butegetsi


Ambasade y'Amerika i Kiev muri Ukraine

Abadiplomate baserukira Reta zunze ubumwe z’Amerika mu makungu bavuze ko abategetsi bakwiye kwifashisha ivugurura ry'ibwirizwa shingiro rya 25 kugira bakure Perezida Donald Trump ku Butegetsi.

Kuri uyu w'Imana bakoze ikintu kitamenyerewe gukorwa mu gusohora urwandiko rwiyamiriza ivyakozwe na Perezida Donald Trump, aho yagomoreye abayoboke biwe gutera Congres.

Abo baserukira Amerika mu makungu bavuga ko ivyabaye ku musi wa gatatu vyononye icizere Amerika ifitiwe mu makungu, cane cane ico guteza imbere no kurwanira demokarasi.

Abo badiplomate baragaragaza kandi ko bababajwe no kubona umushikiranganji w’Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, Mike Pompeo, abarongoye, azwi cane ko ari soma mbike na Perezida Trump ataco arashikiriza co gutunga urutoke perezida kuri iyi migumuko yabaye. Bavuga kandi ko bababazwa nuko atavuze ko abadiplomate bari mu mahanga bashobora guhura n’ibibazo mu guteza imbere demokarasi.

Ntiharamenyekana igitigiri c’abadiplomate basinye kuri urwo rwandiko rwabonywe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abanyamerika, The Associated Press.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu bakukira ntibwashotse bugira ico bushikirije igihe bwabazwa ico buvyiyumvirako.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG