Uko wahagera

Trump Yabwiye Abamuyoboka ko Atazigera Yemera ko Yatsinzwe


Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump yashikirije ijambo ibihumbi vy’abayoboke biwe i Washington DC kuri uyu wa gatatu. Yavuze ko atazigera yemera ko yatsinzwe, mu gihe abashingamateka n’abasenateri bakoraniye mu nama rusangi ku ngoro y’abashingamateka mu muhango wo kwemeza itorwa rya Joe Biden nka perezida agiye gukurikira kurongora Amerika.

Aho yari ku gikwa kuri perezidanse, White House, Perezida Trump yasubiye kuvuga ko amatora yo mu kwezi kwa cumi na kumwe yibwe kandi ko we yatsinze urukombamazi. Yavuze ko ibinyamakuru yise ko “bitangaza ibinyoma” vyakoresheje “umugera w’Ubushinwa”, COVID-19 nk’igikingirizo co kwiba amatora.

Trump kandi yasavye icegera ca Perezida Mike Pence gukora ibibereye aho ariko ararongora ibikorwa vyo kwemeza amajwi yemejwe na Koleji y’abatora mu gihe hasigaye indwi zibiri ngo Biden yimikwe. Trump yongeye gushimanga avuga ko ico icegera ciwe akwiye gukora ari ugusubiza mu mareta ivyavuye mu matora akaba ari yo yongera kuvyemeza kugira abandanye ari perezida, abanyagihugu bagumane umunezero.

Abayoboke ba Perezida Trump batanguye gukoranira i Washington DC ku mugoroba wo kuwa kabiri. Abategetsi bavuze ko bahagaritsemwo batandatu babagiriza kuba bari bitwaje inkoho n’amasasu, kandi bahohoteye umuporisi.

Kwemeza ivyavuye mu matora na sena n'inama nshingamateka zikoranye ni umugirwa wa nyuma ukorwa inyuma yuko Koleji y’abatora itoreye Biden kw’italiki ya 4 y’ukwezi kwa cumi na kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG