Uko wahagera

Abategetsi Bakuru b'Abademokrate Basaba ko Perezida Trump Akurwa ku Butegetsi


 Nancy Pelosi na Chuck Schumer mu kiganiro n'abanyamakuru
Nancy Pelosi na Chuck Schumer mu kiganiro n'abanyamakuru

Umukuru w’abademokrate muri Sena ya Reta zunze ubumwe z’Amerika yasavye kuri uyu wa kane ko Perezida Donald Trump akurwa ku butegetsi vuba bwango, imbere yuko arangiza imisi 13 isigaye imbere yuko Joe Biden yimikwa. Amwagiriza gutegeka amasinzi y’abayoboke biwe kuja gutera Kongre n’abaserukira abanyagihugu.

Senateri Chuck Schumer yatowe muri reta ya New York yavuze ko ivyabaye ku musi wa gatatu ari imigumuko yari igamije gutera Amerika kandi yahawe impigi na perezida. Avuga ko perezida adakwiye kwongera kumara umusi umwe ku butegetsi.

Schumer, agiye kurongora sena mu gihe ca vuba, yavuze ko uburyo bwihuta bwo gukura Trump muri White House bwoba ko icegera ca perezida Mike Pence hamwe n’abashikiranganji benshi biwe bifashisha ingingo ya 25 y’Ibwirizwa shingiro bagatangaza ko atagishoboye kubandanya atwara.

Abandi bashingamateka bake, barimwo umukuru w’inama nshingamateka Nancy Pelosi, na bo nyene basavye ko Trump akurwa ku butegetsi hisunzwe ibwirizwa shingiro canke agakorerwa impeachment, naho Joe Biden agiye kuja ku butegetsi kw’italiki 20 z’ukwezi kwa mbere.

Nta vyemeza bizwi nimba icegera ca perezida, Mike Pence, inyuma yo kudakurikiza amabwire ya Trump yo kuzibira iyemeza ry’intsinzi ya Biden yari muri utu twigoro two gukura Trump ku butegetsi.

Ariko ibinyamakuru bitari bike muri Amerika vyatangaje ko abafasha b’igihagararo ba Trump muri White House baganiriye mw’ijoro ryo kuwa gatatu inzira zo kumukura ku butegetsi. Hari igihe abashingamateka bari mu bikorwa vyo guharira nimba bokwemeza intsinzi ya Joe Biden.

Inyuma y’ivyabaye kuri Kongre hamwe n’uruhara Perezida Trump yabigizemwo, abatari bake muri reta yiwe bahisemwo gutanga imihoho. Umushikiranganji wo kwunguruza abantu n’ibintu, Elaine Chao yabaye uwa mbere mu bagize reta yatanze imihoho kuri uyu wa kane.

Uwahoze ari umunyamabanga mukuru mu biro vya perezida ivy’imfatakibanza, Mick Mulvaney, yari yagenwe kuba intumwa ya Trump muri Irelande y’uburaruko, nawe yatanze imihoho. Uwundi ni Stephanie Grisham, umunyamabanga mukuru mu biro vy’umutambukanyi wa Trump, Melania Trump nawe yatanze imihoho kuwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG