Uko wahagera

Boko Haram Yarekuye Bamwe mu Banyeshure Yanyuruje


Abasirikare bari mu kigo c'ishure rya reta ryigisha ubuhinga mu gisagara ca Kankara, mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya
Abasirikare bari mu kigo c'ishure rya reta ryigisha ubuhinga mu gisagara ca Kankara, mu buraruko bushira uburengero bwa Nijeriya

Buramatari wa reta ya Katsina muri Nijeriya yavuze ko abana b'abanyeshure b’abahungu 344 barekuwe kuri uyu wa kane inyuma y’indwi banyurujwe n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram bakuwe kw’ishure bigako muri Nijeriya.

Ariko bamwe ntibaraboneka, nkuko buramatari, Aminu Bello Masari yabibwiye televiziyo ya reta.

Umuvugizi wa reta ya Nijeriya, Abdul Labaran, yavuze ko abo bana b’abahungu babonetse baciye batwarwa mu gisagara ca Katsina guhuzwa n’imiryango yabo.

Iyi nkuru itangajwe inyuma y’aho hasohorewe videwo kuri uyu wa kane yerekana abana b’abanyeshure b’abahungu baharurwa mu majana banjurujwe bari kumwe na Boko Haram.

Ico gitero co ku musi wa gatanu w’indwi iheze kw’ishure ryo mu gisagara ca Kankara catanguye kwegekwa ku bicanyi bamaze imyaka batoteza kandi batera ubwoba abanyagihugu muri ako karere. Ariko mu nyuma umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram wahavuye uciyitirira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG