Uko wahagera

ONU: Abana Barenga Imiliyoni 2 muri Tigre Bakeneye Imfashanyo


Abana bo mu mihana y'i Bisober, mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya.
Abana bo mu mihana y'i Bisober, mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze kuri uyu wa kabiri ko abana barenga imiliyoni zibiri bo mu ntara ya Tigre muri Etiyopiya bamaze ukwezi kurenga bataronswa ibifungurwa.

Umuyobozi nshingwabikorwa w’ikigega ca ONU cita ku bana, UNICEF, Henrietta Fore yavuze kuri uyu wa kabiri ko batewe umutima uhagaze n’uko abana bateba kuronswa ibifungurwa, imiti n’amazi hamwe n’ibindi vya nkenerwa.

Fore yavuze ko ONU yiteguye kugeza ku bana ivyo bakeneye ariko ko bakeneye inzira yo gushikayo, inzira reta ya Etiyopiya yugaye.

Itumatumanako ryaraciwe kandi no kwinjira mu ntara ya Tigray ntibicoroha kuva haduka imirwano kw’italiki ya 4 y’ukwezi kwa cumi na kabiri, bituma amashirahamwe y’abagiraneza atamenya ibikenewe.

Kuva mu kwezi kwa cumi na kumwe, abantu barenga 50 000 barahunze intambara muri Tigre harimwo n’abahungiye muri Sudani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG