Uko wahagera

Etiyopiya Yiyamirije Amatohoza ku Ntambara yo mu Ntara ya Tigre


Redwan Hussein, umuvugizi wa Leta ya Etiyopiya mu bihe bidasanzwe akaba n'Umunyamabanga wa Leta ushinzwe ububanyi n'amahanga
Redwan Hussein, umuvugizi wa Leta ya Etiyopiya mu bihe bidasanzwe akaba n'Umunyamabanga wa Leta ushinzwe ububanyi n'amahanga

Redwan Hussein, umwe mu bategetsi bakomeye ba Reta ya Etiyopiya yabwiye abamenyeshamakuru ko igihugu ciwe kizotumira abantu bo hanze kugira bagifashe n’iyo cumva ko cananiwe kugira amatohoza conyene ubwaco.

Leta ya Etiyopiya yiyamirije amatohoza yigenga ku ntambara mu ntara ya Tigre, ivuga ko idakeneye abaza kuyibwira ivyo itegerezwa gukora.

Ivyo bibaye mu gihe amakungu yateye akamo reta kayisaba gukorera mu muco kurushiriza ku bijanye n’ingwano imaze ukwezi hagati y’inteko za reta ya Etiyopiya n’inteko z’intara ya Tigre. Iyo ngwano imaze guhitana abantu ibihumbi n’ibihumbi, barimwo abasivile.

Amashirahamnwe aharanira agateka ka muntu yaratangaje amakuru kuri bumwe mu bwicanyi bukabije bwabereye mu ntara ya Tigre. Hari ubwoba ko ubundi bwicanyi nk’ubwo bwabaye muri iyo ntara.

Redwan Hussein, umwe mu bategetsi bakomeye ba Reta ya Etiyopiya yabwiye abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri ku muhingamo ko igihugu ciwe kizotumira abantu bo hanze kugira bagifashe n’iyo cumva ko cananiwe kugira amatohoza conyene ubwaco.

Yatangaje ko kwibaza ko reta idashobora kugira amatohoza nk’ayo ari ukuyikengera.

Impungenge zitera ziyongera mu ntara ya Tigre, yugaye ku makungu mu gihe abanyagihugu baho imiliyoni 6 bakeneye imfashanyo z’ibifungurwa n’imiti zihutirwa. Abagera ku muliyoni muri bo barataye ingo zabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG