Uko wahagera

Etiyopiya Iremanga ko Yarashe Abakozi ba ONU muri Tigre


Abasirikare ba Etiyopiya mu bikorwa vyo gukizura mu gisagara ca Badme.
Abasirikare ba Etiyopiya mu bikorwa vyo gukizura mu gisagara ca Badme.

Reta ya Etiyopiya ivuga ko abasirikare bayo barashe abakozi ba ONU mu ntara ya Tigre ku musi w’Imana, kuko banse guhagarara kuri bariyeri zibiri z’abo basirikare.

Umutegetsi mukuru wa reta, Redwan Hussien yabwiye abamenyeshamakuru i Addis Abeba kuri uyu wa kabiri ko ivyo vyashitse ku mugwi w’abakozi ba ONU bagerageje gushika mw’ikambi ya Shimelba irimwo impunzi z’abanya-Eritreya. Yavuze ko barashwe bagira barengane bariyeli ya gatatu ku nguvu. Nta makuru yatanzwe y’aboba bakomeretse muri abo bakozi ba ONU.

Umuvugizi wa ONU i Nairobi ntaco yashimye kuvuga kuri ivyo vyabaye.

Imigwano yatanguye mu buraruko bw’intara ya Tigre kw’italiki 4 z’ukwezi kwa cumi na kumwe, ahaba abantu 600 000 bari babeshejweho n’imfashanyo z’abagiraneza.

Abantu baharurwa mu bihumbi nibo bibaza ko boba barishwe muri iyo ntambara, yakuye mu ngo zabo abarenga umuliyoni, barimwo impunzi 45 000 zahungiye mu gihugu kibanyi ca Sudani.

ONU iri mu yandi mashirahamwe atari make ariko arasaba ko yohabwa uburenganzira bwo kwinjira mu ntara ya Tigre, inyuma y’aho abakozi b’abanyamahanga birukaniweyo ku nguvu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG