Uko wahagera

Perezida Alassane Ouattara Yarahiriye Manda ya Gatatu


Perezida Alassane Ouattara
Perezida Alassane Ouattara

Perezida wa Cote d’Ivoire Alassane Ouattara kuri uyu wa mbere yarahiriye manda ya gatatu yateye amahane, asaba abatavuga rumwe nawe gufasha guhagarika uruhagarara, inyuma y’ubwicanyi bushingiye ku matora bwahitanye ubuzima bw’abantu 85.

Ibirori vyo kurahira kwiwe vyitabwe n’abakuru b’ibihugu 13 vya Afrika hamwe n’umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Jean-Yves Le Drian hamwe n’uwahoze atwara Ubufaransa Nicolas Sarkozy. Ariko abatavuga rumwe nawe ntibavyitabiriye, haruhande yo kutitabira amatora yo kuwa 31 ukwezi kwa cumi yasubije Perezida Ouattara ku butegetsi.

Ouattara yemeye ko agiye kugena umushikiranganji ajejwe kunywanisha abenegihugu muri reta agiye kuzoshinga, yemera kandi ko kuva ubu hatazoba ukubabarira abicanyi, ko bategerezwa kuzorengutwsa imbere y’ubutungane.

Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi Henri Konan Bedie, mu ndwi iheze yasavye ko haba ibiganiro hagati mu gihugu.

Perezida Ouattara yatangaje kandi ko reta yindi yashinzwe n’abatavuga rumwe nawe isambuwe. Iyo reta yiswe “akanama k’igihugu k’imfatakibanza” yashinzwe inyuma y’amatora.

Ouattara hamwe n’abanywanyi biwe bavuze ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro mu 2016 ryasubije ibiringo vyiwe kuri zero, bica bimuha uburenganzira bwo guhiganirwa manda ya gatatu.

Yari yateguye gusezera ubutegetsi inyuma yo gutwara ibiringo bibiri, igihe uwari umushikiranganji wiwe wa mbere ico gihe, Amadou Gon Coulibaly yari yateguwe kuzomusubirira.

Ariko Perezida Ouattara yaciye ahindura ivyo inyuma y’aho Coulibaly apfiriye urupfu rutari rwitezwe mu kwezi kwa ndwi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG