Perezida wa Cote d’Ivoire Alassane Ouattara hamwe n’uwo bahanganye batavuga rumwe, Henri Konan Bedie, bemeranije umugambi w’amahoro kuri uyu wa gatatu, bavuga ko hari intambwe zishimishije mu biganiro vyo gutorera umuti uruhagarara rwa politike ku bijanye n’amatora.
Perezida Ouattara yavuze ko uwo mubonano wa mbere wagarukanye ukwizerana, mu gihe Bedie nawe yavuze ko bashoboye kubomora igihome co kutaganira.
Abo bagabo babiri babonanye iminota hafi 40 mw’ihoteli i Abidjan, bavuze ko bazotunganya iyindi mibonano mu misi n’indwi ziri imbere.
Ouattara yavuze ko amahoro ari ikintu c’agaciro kandi gikenewe n’abanyagihugu ba Cote d’Ivoire, kandi bakwiye kuyaharanira.
Ibi biganiro bibaye ivya mbere hagati y’abo bategetsi kuva habaye amatora y’umukuru w’igihugu kw’italiki 31 z’ukwezi kwa cumi, yateye uruhagarara, ubwoba n’ubwicanyi kandi rushobora gusubiza igihugu mu ntambara hagati y’abenegihugu.
Ouattara yatangajwe ko yatsinze ku majwi arenga 94 kw’ijana y’abatoye. Ariko ayo matora ntiyitabwe n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi, bamwagiriza ko yiyongeye manda ya gatatu itari yemewe n’amategeko.
Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Sidi Tiemoko Toure, yabwiye abanyamakuru ko ibitigiri bizwi vy’abasize ubuzima muri urwo ruhagarara ari 85 n’484 bakomeretse mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu.
Facebook Forum