Uko wahagera

COVID-19 Imaze Kwica Abarenga Umuliyoni n'Ibihumbi 500 Kw'Isi


Abaganga bariko Baritaho umugwayi wa COVID-19 i Los Angeles.
Abaganga bariko Baritaho umugwayi wa COVID-19 i Los Angeles.

Abantu barenga umuliyoni 1 n’ibihumbi amajana atanu ni bo bamaze kwicwa n’umugera wa corona kw’isi kubababa imiliyoni 65 bamaze kwandura nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa AFP kuri uyu wa kane.

Abantu 1 500 038 baramaze gupfa ku 64 774 705 bamaze kwandura kuva uwo mugera utanguye kugaragara mu Bushinwa mu kwezi kwa cumi na kabiri. Akarere kabangamiwe cane kuruta ni Amerika y’epfo n'amazinga ya Caraibe, ahamaze gupfa 452 263, hagakurikira Ubulaya 430,060 na Reta zunze ubumwe za Amerika 286 946.

Kuva mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe, habonetse abishwe n’uwo mugera barenga 10 000 ku musi kw’isi, igitigiri kinini kitari bwigere gishikwako kuva ico kiza gitanguye.

Abarenga ica kabiri c’abishwe na COVID-19 babonetse mu misi indwi iheze ku mugabane wa Bulaya ahaciye hafatwa ingingo nshasha zo kuwurwanya mu bihugu bitari bike vy'uwo mugabe .

Ubutaliyano buza imbere ku bantu 969 bapfuye kuri uyu wa kane, bukurikirwa n’Uburusiya, Polande, Ubufaransa, n’Ubwongereza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG