Uko wahagera

Ibindi Bitero ku Bategetsi ba Gisirikare ba Irani


Abanyagihugu muri Irani mu myigaragamvyo inyuma y'iyicwa ry'umuhinga akomeye mu buhinga bwa Nikleyeli
Abanyagihugu muri Irani mu myigaragamvyo inyuma y'iyicwa ry'umuhinga akomeye mu buhinga bwa Nikleyeli

Abagize inama nshingamateka ya Irani bateye akamo basabira Isirayeli urupfu kuri uyu wa kabiri, aho bariko bavugana ku rupfu rw’umuhinga akomeye mu buhinga bwa Nikleyeli, Mohsen Fakhrizadeh.

Igihe iyo nama nshingamateka yariko iraganira kuri ico kibazo ibinyamakuru vya Irani vyatangaje ko abandi bategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu gisirikare n’iperereza rya Irani bishwe.

Inama nshingamateka ya Irani yatoye yongera iremeza iyongereza ry’ubumara bwa Nikleyeli ku bice 20 kw’ijana no guhagarika ibikorwa vy’abagenduzi ba ONU kuri Nikleyeli.

Ibinyamakuru vy’Abarabu n’ivyo muri Irani vyatangaje ko abategetsi babiri bakomeye bo mu gisirikare n’iperereza rya Irani bishwe mu masaha 48. Komanda Muslim Shahdan yishwe na drone ari mu modokari mu gatondo ko ku musi w’Imana ku rubibe rwa Iraki na Siriya, nkuko vyatangajwe na televiziyo Al-Arabiya yo muri Arabiya Sawudite.

Ibinyamakuru vy’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Irani vyavuze kuwa mbere ko umutegetsi akomeye mw’iperereza, Habib Sawari, nawe yishwe ari mu rugo iwe. Urupfu rwiwe ntirwemejwe n’abategetsi.

Uwahoze ari perezida wa Irani Abolhassan Bani Sadr yabwiye Ijwi ry’Amerika ko atazi ko nimba umuyobozi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, hari uburyo azokwihora kuri ibi bitero atarinze gucokoza intambara.

Yibaza kandi nimba reta ya Perezida Donald Trump atari yo yoba iriko irononera reta igiye kuza ya Biden muri politike yayo ifise yo kunagura amasezerano ya Nikleyeli na Irani.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG