Uko wahagera

Irani Irahiga Kwihora ku Muhinga Wayo Yishwe


imodokari Mohsen Fakhrizadeh yarimwo igihe yagandagurwa mu buseruko bw'umurwa, Tehrani, Irani, Kw'italiki 27/11/2020.
imodokari Mohsen Fakhrizadeh yarimwo igihe yagandagurwa mu buseruko bw'umurwa, Tehrani, Irani, Kw'italiki 27/11/2020.

Perezida wa Irani Hassan Rouhani yiyemeje kuzokwihora kw’igandagurwa ry’umuhinga wiwe akomeye mu bihunga bwa Nikleyeli, Mohsen Fakhrizadeh, ubwicanyi we n’abandi bategetsi ba Irani begeka kuri Isirayeli. Ariko bamwe mu badipolomate n’abasesenguzi bavuga ko batiteze ko Irani yihora mu bihe vya vuba kuri uwo mutegetsi mu gisirikare agize kabiri agandaguwe muri uyu mwaka.

Iran vyitezwe ko igiye kwiha umwanya inyuma y’iyicwa rya Fakhrizadeh, yari azwi nk’uwari arongoye porogaramu ya Irani ya Nikleyeli. Ababikurikiranira hafi bavuga ko Irani ishobora gutinya ko yoca isakizwa n’ibitero vya gisirikare vy’Amerika bitegetswe na Perezida Donald Trump ariko ararangiza ikiringo ciwe ku butegetsi.

Abategetsi ba Irani bashobora gutinya kandi ko mu gihe bokwihora vyoburizamwo umugambi wa perezida yatowe Joe Biden wo gutangura imibonano ya kidipolomasiya na Irani.

Biden yavuze ko ashaka kunagura amasezerano mpuzamakungu ya Nikleyeli yo mu 2015 Irani yasinye n’ibihugu rutura ku ntwaro ya Perezida Barack Obama.

Uruhara rwa Fakhrizadeh mu mugambi wa Irani wo mu mpisho wo guhingura bombe nikleyeri rwaravuzwe cane n’umushikiranganji wa mbere Isirayeli Benjamin Netanyahu mu 2018.

Fakhrizadeh yishwe n’abagabo bitwaje inkoho ku murango, igihe yari mu modokari mu buseruko bw’umurwa mukuru, Teherani.

Isirayeli ntiremanga ko ari yo iri nyuma y’ubwo bwicanyi ariko kandi ntirabihakana.

Abategetsi ba Reta zunze ubumwe za Amerika barahakanye ko ata ruhara bagize muri ico gitero co kuwa gatanu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG