Uko wahagera

Irani: Umuhinga Akomeye Cane mu Buhinga bwa Nucleaire Yagandaguwe


Imodoka Mohsen Fakhrizadeh yarimwo igihe yagandagurwa
Imodoka Mohsen Fakhrizadeh yarimwo igihe yagandagurwa

Mohsen Fakhrizadeh yari amaze igihe kirekire yikekwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi ko ari we ari inyuma y’umugambi uhishijwe w’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda wa Irani.

Yishwe mu mutego hafi y’umurwa mukuru wa Irani, Teherani uno musi ku wa gatanu. Yasandabiye mu bitaro inyuma yuko abantu bitwaje ibirwanisho barashe imodoka yarimwo.

Abitegereza ibintu bavuga ko ivyo bishobora kwongereza imishamirano yari isanzwe iri hagati ya Irani n’ibihugu bidacana uwaka mu ndwi za nyuma za reta ya prezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Hossein Dehghan, umuhanuzi mu vya gisirikare w’umuyobozi kizigenza wa Irani, Ayatollah Ali Khamenei, yatangaje ko bazokwihora ku bishe Mohsen Fakhrizadeh.

Fakhrizadeh abonwa ko yayoboye umugambi w’ugukora ibirwanisho ruhonyanganda w’igihugu ca Irani wahagaritswe mu mwaka w’i 2003.

Bivugwa ko Irani ifise imigambi y’ugusubira kubandanya uwo mugambi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG