Uko wahagera

Abarimyi 43 Barishwe n'Intagondwa muri Reta ya Borno muri Nijeriya


Boko haram
Boko haram

Abanyagihugu muri reta ya Borno, muri Nijeriya kuri uyu w’Imana bazindutse bapfuba abarimyi 43 bishwe mu gitero gikekwa kuba cakozwe n’intagondwa z’abayisilamu. Ni mu gihe abajejwe umutekano na bo bakirondera abandi bantu baburiwe irengero.

Abanyagihugu bavuga ko abagabo 30 bishwe baciwe amazosi muri ico gitero, catanguye ku musi wa gatandatu mu mihana y’i Zabarmari mu buraruko bushira ubuseruko bwa reta ya Borno. Bavuga kandi ko hari abandi bantu bashika 70 bafise ubwoba ko bishwe.

Mu gihe ata muhari uriyitirira ico gitero, ubwicanyi nk’ubwo bukunze gukorwa n’umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram canke ishami ry’umuhari wa reta ya kiyisilamu rikorera mu ntara ya Afrika y’uburengero (ISWAP). Iyo mihari uko ari biri ikorera muri ako karere, aho imaze kugandagura abantu bashika ku 30 000 mu myaka irenga 10.

Perezida Muhammadu Buhari wa Nijeriya yagaye ubwo bwicanyi yongera avuga ko igihugu cose kibabaye.

Umwe mu banyagihugu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku gateka ka muntu, Amnesty International bavuze ko abakenyezi 10 bari mu baburiwe irengero.

Buramatari wa reta ya Borno, Babagana Zulum, yasavye reta ya Nijeriya kwinjiza abandi basirikare hamwe n’abasivile bacungera umutekano kugira bakingire abarimyi muri iyi ntara.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG