Uko wahagera

Boko Haram Yishe Abantu 12 i Chibok muri Nijeriya


Abarwanyi ba Boko Haram baramukanya n'abo bagize imbohe
Abarwanyi ba Boko Haram baramukanya n'abo bagize imbohe

Intagondwa za Boko Haram kuri uyu w’Imana zishe abantu 12 zitako zinyuruza abandi indwi mu gitero zakoze mu mihana iri hafi y’igisagara ca Chibok, mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya.

Mu gisagara ca Chibok niho Boko Haram yanyururije abanyeshure 276 mu 2014, ivyatumye amakungu aca ahagurukira uwo muhari w’iterabwoba.

Abarwanyi baje mu modokari zitandatu binjiye mu mihana ya Takulashi kuw’Imana, ku birometero 18 uva mu gisagara ca Chibok, barasa abanyagihugu bongera basiga baturiye amazu.

Abwaku Kabu, arongoye umurwi w’abarwanyi birwanira bashigikiwe na reta, yavuze ko abo bakora iterabwoba bishe abantu 12 barimwo abarwanyi babo babiri.

Yavuze ko kubera ibitigiri vy’umurengera vy’abarwanyi ba Boko Haram, abo barwanyi babo batwaye imwe mu modokari zabo muri iyo mirwano.

Intambara zimaze imyaka cumi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nijeriya zimaze guhitana abantu 36 000 zikura mu ngo zabo hafi imiliyoni zibiri z’abantu, nkuko bishikirizwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG