Uko wahagera

Nijeriya: Abitwaje Inkoho Bishe Abantu 5 mu Gitero ku Musigiti


Umusigiti muri Nijeriya
Umusigiti muri Nijeriya

Abagabo bitwaje inkoho bishe abantu batanu bariko barasenga, bongera banyuruza 18 mu gitero bakoze ku musigiti mu gihe c’amasengesho mu buraruko bushira uburengero bwa reta ya Zamfara muri Nijeriya.

Umuvugizi w’igiporisi muri iyo reta, Mohammed Shehu, yavuze ko abasuma b’inka bashika 100 bari ku mapikipiki barashe amasasu ku bayisilamu bariko barasenga mu mihana yitereye y’i Dutsen Gari muri komine ya Maru aho abanyagihugu bari mu masengesho yo kwa gatanu.

Abanyagihugu ariko bavuze ko abayoboke barenga 30 banyurujwe n’abo bitwaje ibirwanisho.

Uburaruko bwa Nijerira burakunze kubamwo ubwicanyi bukorwa n’imirwi y’abicanyi, biba ibitungwa, bakanyuruza abantu kugira babarekure bahawe amafaranga, ahandi bagaturira amazu inyuma yo kwiba ibifungurwa.

Iyoherezwa ry’abasirikare muri utwo turere hamwe n’ibiganiro n’abategetsi bahatwara vyarananiwe guhagarika ivyo bitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG