Uko wahagera

Michael Flynn Yafunzwe kuri Dosiye y'Uburusiya Yababariwe na Trump


Michael Flynn, yahoze ari umuhanuzi mu mutekano mu gihugu, ari kumwe n'umushingwamanza wiwe, Sidney Powell, basohotse muri sentare i Washington, kw'italiki ya 24/06/2019.
Michael Flynn, yahoze ari umuhanuzi mu mutekano mu gihugu, ari kumwe n'umushingwamanza wiwe, Sidney Powell, basohotse muri sentare i Washington, kw'italiki ya 24/06/2019.

Perezida Donald Trump yagiriye imbabazi Michael Flynn yigeze kuba umuhanuzi wiwe mu vy’umutekano w’igihugu. Ingingo afashe itesha agaciro amatohoza yakozwe ku ruhara rw’Uburusiya mu gushaka guhuvya amatora yo muri Amerika. Ni amatohoza Trump yamye avuga ko ashingiye kuri politike.

Trump yatangaje ico kigongwe kuri uyu wa gatatu, avuga kandi ko ari ingingo afashe y’agaciro.

Flynn abaye umutegetsi agira kabiri yagiriwe n’ivyaha mu matohoza ku Burusiya ababariwe na perezida. Trump yarababariye kandi umugenzi wiwe wo kuva kera, Roger Stone hasigaye imisi ngo ajanwe mu gasho.

Ni kimwe mu twigoro two gutesha agaciro ivyavuye mu matohoza yari atumbereye reta yiwe kandi yashoboye gushika ku kwagiriza abashika batandatu mu bamwegereye.

Iyi ngingo ya Trump ihanagura ivyaha vyari kuri Flynn mu gihe umucamanza wa reta yari akiriko arihweza ivyasabwe n’ubushikiranganji bw’ubutungane vyo guhanagura ivyo vyaha naho Flynn ubwiwe yiyemereye ko yabeshe ibiro vy’inyamiramabi vya FBI muri ayo matohoza.

Flynn yari mu bafasha ba mbere ba perezida mu kwemera ivyaha mu matohoza y’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG