Uko wahagera

Michael Flynn Yagiriwe n’Icaha co Kubesha FBI


Michael Flynn aho yashika mu butungane

Michael Flynn, yahoze ari umuhanuzi mu vy’umutekano w’igihugu mu biro kwa Perezida Donald Trump, kur’uyu wa gatanu yagiriwe n’icaha co kubesha ibiro vya FBI bisanzwe biri mu matohoza ku kwivanga kw’Uburusiya mu matora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe z’Amerika yo mu mwaka wa 2016.

Jenerali Flynn, yahoze akorera iperereza rya gisirikare ry’Amerika, abaye uwugira kane mu bahoze hafi ya Perezida w’Amerika bakurikiranwa n’umushikirizamanza adasanzwe Robert Mueller.

Flynn yagiriwe ku musi wa kane n’icaha co kuba yarabeshe ku biganiro yagiranye na Ambasaderi w’Uburusiya I Washington ku ntwaro ya Barack Obama, Sergueï Kisliak, cane cane ku bihano Reta zunze ubumwe z’Amerika yafatiye Uburusiya

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG