Muri Sudani, abakuru b’abarobeli batahutse muri iyi ndwi ku murwa mukuru Khartoum bavuze ko biyemeje kwubahiriza no gushira mu ngiro amasezerano mashasha y’amahoro na reta n’umutima mwiza.
Al Hadi Idris, umukuru w’umuhari Front Revolutionnaire du Sudan, umwe mu migwi y’abarobeli yasinye amasezerano na reta mfatakibanza ya Sudani, yabwiye abanyamakuru i Khartoum ko ayo masezerano ari akaryo keza ko kwubaka Sudani nshasha, iyo abanyagihugu bose bazofatwa kumwe.
Idris yavuze ko we n’abandi bategetsi barongoye imihari n’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi batahutse i Khartoum n’imitima yugurutse. Yavuze ko yizeye ko abanyesudani bazobafasha mu gushira mu ngiro ayo masezerano.
Muri ayo masezerano yasinyiwe i Juba, muri Sudani yo mu bumanuko, imigwi yose itavuga rumwe n’ubutegetsi ubu iri muri reta mfatakibanza, nkuko Idris abivuga.
Mu ndwi iheze, Jenerali Abdul Fattah Al Burhan, arongoye akanama karongoye Sudani ivy’imfatakibanza, yarababariye imihari yose yitwaje ibirwanisho yarwanye na reta kiretse abagirizwa ivyaha bihohotera kiremwa muntu n’ivyaha vyo mu ntambara baronderwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.
Ntibiratomoka igihe igisirikare ciyunze kizoshingwa. Jenerali Al Burhan yavuze ko yiteze vuba kugena abandi bantu batatu mu kanama karongoye igihugu, ibizoca bishikana kuri 14 abagize ako kanama. Ahandi hitezwe ikizohinduka ni mu bagize reta ya Sudani nkuko ayo masezerano abivuga.
Facebook Forum