Uko wahagera

Abakuru b'Abarobeli Bakiriwe na Reta ya Sudani


Abarobeli b'umuhari SPLA-IO ku rubuga rw'intambara mu gisagara ca Kaya, ku rubibe na Uganda.
Abarobeli b'umuhari SPLA-IO ku rubuga rw'intambara mu gisagara ca Kaya, ku rubibe na Uganda.

Umushikiranganji wa mbere wa Sudani, Abdalla Hamdok yakiriye abakuru b’abarobeli ku murwa mukuru Khartoum kuri uyu w’Imana, mu gihe abanyagihugu isinzi bahimbaje ico bizigiye kuba irangira ry’intambara inyuma y’isinywa ry’amasezerano y’amahoro.

Abantu ibihumbi amajana barapfuye kubw’iyo ntambara, cane cane mu ntara ya Darfur.

Hamdok yavuze ko bashitse ku musi bari barindiranye igishika kandi ko ari intambuko za mbere zigana kw’irangira ry’imibabaro ku banyagihugu.

Bwabaye ubwa mbere abo bakuru b’abarobeli bari mu runani Front Revolutionnaire du Sudan, ruhurikiyemwo abarwanyi n’abanyepolitike, bashika ku murwa mukuru kuva hasinywe amasezerano y’amahoro kw’itariki ya 3 y’ukwezi kwa cumi.

Abo bakuru b’abarobeli babonanye kandi na Abdel Fattah al-Burhan, arongoye akanama karongoye igihugu, arabashimira ku mwitwaririko bafise w’amahoro.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rigereranya ko hafi abantu 300 000 bishwe abandi barenga imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana atanu bataye izabo mu ntara ya Darfur, mu ntambara yatanguye mu 2003.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG