Uko wahagera

USA: Abamaze Kwandura COVID-19 Barenze Imiliyoni 10


umugabo ariko afatwa ibipimo mu gisagara ca Bismarck, muri North Dakota, USA. kw'Italiki 26/10/2020
umugabo ariko afatwa ibipimo mu gisagara ca Bismarck, muri North Dakota, USA. kw'Italiki 26/10/2020

Reta zunze ubumwe za Amerika yarengeje imiliyoni 10 z’abamaze kwandura COVID-19, nkuko bishikirizwa na kaminuza Johns Hopkins y’aha muri Amerika, mu gihe igihugu kikigwana n’abandura bashasha.

Mu ndwi iheze, Amerika yongeyeko abantu barenga 100 000 bashasha bandura ku musi, vyagwijwe kabiri ku bandura ku musi mu kwezi guheze. Abantu hafi 900 bariko barapfa buri musi.

Mu mareta yo hagati hashira uburengero niyo abangamiwe cane, aho ibiharuro vy’abinjira ibitaro muri izo ntara vyarenze urugero.

Uwatowe kuba perezida, Joe Biden yabonanye kuri uyu wa mbere n’umugwi washizweho guhangana n’uwo mugera mu gihe ariko araba ico yokora kugira reta yiwe imenye uko izovyifatamwo niyaja ku butegetsi mu kwezi kwa mbere. Inyuma y’iyo nama, yahanuye abanyamerika kwambara udupfuka munwa kugira ico kiza kigwanywe.

Ni mu gihe abandura COVID-19 mu bice bitandukanye kw’isi babandanya kwiyongera, harimwo umugabane wa Bulaya, aho amareta yongeye gushiraho ingingo zo kugerageza kugabanya ikwirakwira ryawo. Ku rwego rw’isi abamaze kumenyekana ko banduye barenga imiliyoni 50, hamwe n’umuliyoni n’ibihumbi 200 bapfuye n’imiliyoni 33 bakize.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG