Uko wahagera

Ibitigiri c'Abandura n'Abahitanwa n'Umugera wa Corona Vyaduze


Bamwe mu banyagihugu bampbaye ubufuka munwa muri Amerika
Bamwe mu banyagihugu bampbaye ubufuka munwa muri Amerika

Ibitigiri vy’abanduye umugera wa Corona bibandanya kuduga: Ubwongereza bugize igihugu c’icenda kivugwamwo abarenga umuliyoni banduye nkuko kaminuza ya Johns Hopkins University ikora ubushakashatsi kuri ico kiza, ikanatanga amakuru yaco ku mwanya ku mwanya ivyerekana.

Abamaze guhitanwa na Covid-19 mu Bwongereza bageze ku bihumbi 46 n’amajana atandatu na mirongo ine na batanu. Umushikiranganji wa mbere muri ico gihugu Boris Johnson ejo mw’ijoro yahambije bagenzi biwe bo mu Bufaransa, Ubudagi n’Ububirigi mu kugarukana amabwirizwa yo gutuza ico kiza mu gihugu cose.

Imirimo imwe imwe naho yategetswe kongera kugarwa guhera ku wa kane w’indwi iza muri ico gihugu, amashure, ama sentare, abakorera mu gisata co ​kubaka bo bazoguma bakora ukuri kwamye. Abakoresha basabwe ariko ko abakozi bose bashobora gukorera mu mihana yabo bokorerayo.

Hagati aho, Reta Zunze Ubumwe z’Amerika iracari imbere mu bihugu bivugwamwo ubwandu bwishi n’imfu nyinsi zitewe na Corona: Abanduye barenze imiriyoni icenda n’ibihumbi ijana, mw’ijoro rimwe gusabashasha banduye bababa ibihumbi mirongo umunani. Abamaze kwitaba Imana barenga ibihumbi amajana abiri na mirongo itatu, barimwo abarenga 850 bashengeye mw’ijoro ryakeye nkuko kaminuza ya Johns Hopkins iri I Washington ivyerekana.

Muri rusangi kw'isi yose abanduye barenze imiriyoni 46, abamaze kwitaba Imana nabo bakaba barenga umuriyoni n’ibihumbi ijana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG