Uko wahagera

USA: Umusi w'Itora Warangiye Uwatsinze Atamenyekanye


Ibiharuro vyavuye mu matora muri Reta zunze ubumwe za Amerika birabandanya guharurwa aho umurepublikani Donald Trump n’umudemokrate Joe Biden barindiriye kumenya uwugiye kumara ikindi kiringo c’imyaka ine muri White House.

Amamiliyoni y’abanyamerika nibo bitabiriye aya matora mu gihugu ejo kuwa kabiri. Abarenga imiliyoni 101 batoye mu ndwi z’imbere bamwe babicishije muri posita abandi bishikiye ku biro vy’amatora, batinya kwandura umugera wa corona.

Amaso y’abo bakandida ahanze ahanini amareta nka Florida, Georgia na Carolina ya ruguru. Trump yaratsinze ayo mareta mu 2016 igihe bahiganwa na Hillary Clinton, ariko ibiharuro vyerekana ko Trump na Biden babangabanganwe amajwi muri ayo mareta atatu.

Joe Biden mw’ijambo yashikirije mw’ijoro ari iwe mu gisagara ca Wilmington muri reta ya Delaware yavuze ko bari mu nzira yo gutsinda amatora. Nawe Donald Trump yemeza ko atsinda kandi ko bariko baragerageza kwiba amatora, yabishikirije mu butumwa bwiwe bwa Twitter.

Mu gihe ibinyamakuru biza bimaze kwerekana ibiharuro biha amahirwe uyu canke uyundi mu mareta atandukanye, amajwi aracaharurwa, kandi amwe ashobora guteba bivanye n’abatoye hakoreshejwe ubuhinga bwa posita.

Amerika ntigendera ku guhitamwo ko uwo abanyagihugu ngo uwo bahunze amajwi ku bwinshi abe ari we aba perezida. Kugira ngo umukandida atsindire gutwara Amerika bimusaba kuronka amajwi 270 kuri 538 y'abagize koleji y'abatora.

Zimwe mu mbuga zegeranya ivyiyumviro ku mukandida ahabwa amahirwe cane zerekana ko Biden arusha Trump amahirwe. Ku rundi ruhande ariko imbuga zandika cane kuri politiki zo zivuga ko Trump agifise amahirwe yo kuba yohabwa amajwi na koleji y'abatora n’aho abanyagihugu baba batamutoye nk'uko vyagenze mu 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG