Uko wahagera

Intagondwa Zigwanira Kwiyonkora Zanyuruje Abigisha 11 muri Kameruni


Abanyeshure, abavyeyi babo hamwe n'abigisha mu myiyerekano inyuma y'aho abagabo bitwaje inkoho barasiye kw'ishure, bica hafi abanyeshure 6 i Kumba, muri Kameruni. Kw'italiki 25/10/2020
Abanyeshure, abavyeyi babo hamwe n'abigisha mu myiyerekano inyuma y'aho abagabo bitwaje inkoho barasiye kw'ishure, bica hafi abanyeshure 6 i Kumba, muri Kameruni. Kw'italiki 25/10/2020

Reta ya Kameruni ivuga ko abantu bitwaje inkoho banyuruje abagisha bashika 11 mu gisagara ca Kumbo kiri mu buraruko bushira uburengero bw’igihugu mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri. Nta n’umwe yiyemereye ko yanyuruje abo bigisha, ariko abanyagihugu bibaza kobatwawe n’intagondwa ziyonkoye ku gihugu.

Umwigisha yarokotse atashimye ko izina ryiwe rimenyekana ku mvo z’umutekano wiwe yavuze ko abanyeshure bari bahejeje gusenga amasengesho y’agatondo igihe abo barwanyi baza bagatwara abigisha 11.

Uwo mwigisha yavuze ko we na bagenzi we batwawe ku mapikipiki, ariko ko mu nzira yasimvye ahungira mw’ishamba. Yavuze ko ata mwana yanyurujwe.

Uko kunyuruza abo bigisha kubaye haheze imisi 10 abakekwa kuba imigwi y’intagondwa ziyonkoye ku gihugu zitereye ku rindi shure mu bumanuko bushira uburengero bw’igisagara ca Kumba, bica abana indwi.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko imirwano hagati ya reta n’abo biyonkoye imaze guhitana ubuzima bw’abantu barenga 3 000 kandi ituma abasivile barenga 530 000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG