Igihugu ca Kameruni kiri mu kigandaro kuri uyu w’Imana inyuma y’aho hiciwe abanyeshure mu ntara ivugwamwo icongereza mu bumanuko bushira uburengero bw’igihugu, ubwicanyi reta yegeka ku barwanyi bipfuza kwiyonkora ku gihugu.
Umushikiranganji wa Kameruni wo kumenyesha amakuru, Rene Emmanuel Sadi, yavuze kuri uyu w’Imana ko akagwi k’abakora iterabwoba kiyonkoye ku gihugu kagavye igitero c’ubunyamaswa kandi kitagira izina.
Yavuze ko hapfuye abana batandatu bafise imyaka hagati y’icenda na 12, mu gihe ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryavuze ko hapfuye abana umunani.
Reta yavuze kandi ko abana 13 bakomeretse igihe ico gitero caba kw’ishure ryo mu gisagara ca Kumba, aho indwi bakomeretse bikomeye.
Umushikiranganji Sadi yavuze ko abantu hafi 10 bari ku mapikipiki binjiye muri iryo shure ry’abikorera utwabo ryitwa Mother Francisca International Bilingual Academy baca batangura kurasa.
Ikigo ca ONU kijejwe imfashanyo, OCHA, cavuze kuwa gatandatu ko abo bantu bakoresheje imipanga muri ico gitero.
Umukuru wa Komisiyo y’umuryango w’ubumwe bwa Afrika, Moussa Faki Mahamat, yariyamirije ico gitero co ku musi wa gatandatu.
Umushikiranganji Sadi yavuze ko intumbero y’ico gitero kwari uguhagarika ko abanyeshure basubira kumashure mu ntara zo mu buraruko bushira uburengero n’iz’ubumanuko, aho abavugwa icongereza bariko barwanira ukwikukira.
Amashirahamwe aharanira agateka ka muntu bagiriza abo bashaka kwiyonkora hamwe n’abasirikare ba reta kuba bamaze kwica abasivile benshi mu ntambara yatanguye mu 2017.
Izo ntambara zimaze guhitana ubuzima bw’abarenga 3 000 hamwe n’abarenga 700 000 bamaze guta ingo zabo.
Facebook Forum