Uko wahagera

Igisirikare ca Kameruni Catanguje Urugamba Simusiga Kubiyonkoye


Abasirikare ba Kameruni barwanya abiyonkoye bo mu ntara zivuga Icongereza i Bamenda

Igisirikare ca Kameruni catanguje urugamba rukomeye cise ko rudasanzwe ku barwanyi biyonkoye, bo mu ntara zivugwamwo icongereza kuri uyu wa gatatu mu gisagara ca Bamenda, umurwa mukuru w’intara yo mu buraruko bushira uburengero.

Intara zo mu buraruko bushira uburengero no mu bumanuko bushira uburengero ziri mu ruhagarara rw’umutekano muke kuva abiyonkoye kuri reta batangaje ukwikukira mu 2017. Ni inyuma y’ico bise ikumirwa bakorerwa n’abavuga igifaransa, ari nabo benshi mu gihugu.

Inyuma y’iyicwa riherutse ry’umugenduzi w’igiporisi mu gisagara ca Bamenda, igisirikare cavuze ku musi wa kabiri ko abajejwe umutekano binjiye mu gikorwa kidasanzwe co gucungera ico gisagara, cataziriwe “Gusukura Bamenda.”

Umutegetsi atashimye kumenyekana, yavuze ko amasoko n’amabarabara y’i Bamenda yari agaragara kuri uyu wa gatatu.

Igisirikare cavuze ko ibi bikorwa vya gisirikare i Bamenda ari ukwihora ku bitero vy’abakora iterabwoba nko gusahura, kwiba amabanki n’amamangazini, hamwe no kwica abasivile n’abajejwe umutekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG