Uko wahagera

USA: Batanguye Guharura Ivyavuye mu Matora


amajwi ariko araharurwa mu kibanza c'itora mu gisagara ca Philadelphia, muri reta ya Philadelphia, kw'itariki ya 0-11-2020
amajwi ariko araharurwa mu kibanza c'itora mu gisagara ca Philadelphia, muri reta ya Philadelphia, kw'itariki ya 0-11-2020

Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika bari mu guharura amajwi mu mareta yamaze kurangiza gutora mu yo mu buseruko n’ahandi. Ni mu gihe abanyamerika bashikirije aho bahagaze ku guhitamwo nimba umurepubulikani Donald Trump agiye kwiyongera iyindi myaka ine canke agiye guha White House uwo bariko barahiganwa, umudemokrate, Joe Biden.

Amamiliyoni y’abanyamerika batoye kuri uyu wa kabiri biyongereye ko barenga imiliyoni ijana batoye mu ndwi ziheze. Muri aya matora, abanyamerika batoye abashingamateka, n’abategetsi ku rwego rw’amareta n’inzego zo mu makomine.

Abatoye bari bitezwe kuba benshi ugereranije n’ay’imbere yayo naho hari ubwoba bw’umugera wa corona.

Amaso y’abanyamerika ahanze cane cane amareta ya Florida na Carolina ya ruguru, amareta abiri yafashije Trump gutsinda mu 2016 aho uyu mwaka bisa nuko Trump na Biden bari mbirimbiri.

Iyindi reta ihanzwe amaso ni Pennsylvania. Abasesenguzi muri politike bavuga ko ayo ma reta atatu ahambaye kuri Trump, aho ashobora kumuha manda ya kabiri canke akamugira umuperezida agira gatatu mu myaka irenga 40 atabashije gutwara manda ya kabiri.

Amerika ntigendera ku guhitamwo kw’abanyagihugu ngo uwo bahunze amajwi ku bwinshi abe ari we aba perezida. Kugira ngo umukandida atsindire gutwara Amerika bimusaba kuronka amajwi 270 kuri 538 y'abagize koleji y'abatora.

Muri reta 50 zigize Amerika, Trump canke Biden bategerezwa gutorwa n'abanyagihugu benshi benshi kandi zimwe muri izi reta zikomeye zinahagarariwe n'abantu benshi muri koleji y'abatora. zimwe mu mbuga zegeranya ivyiyumviro ku mukandida ahabwa amahirwe cane zerekana ko Biden arusha Trump amahirwe. Ku rundi ruhande ariko imbuga zandika cane kuri politiki zo zivuga ko Trump agifise amahirwe yo kuba yohabwa amajwi na koleji y'abatora n’aho abanyagihugu baba batamutoye nk'uko vyagenze mu 2016.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG