Uko wahagera

Cote d'Ivoire: Abataguva Rumwe n'Ubutegetsi mu Gushinga Reta Mfatakibanza


Abakuru b’imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi muri Cote d’Ivoire bavuze kuri uyu wa mbere ko bagiye gushinga reta mfatakibanza inyuma yo kutitabira amatora yo kuw’Imana. Ni mu ntumbero yo kwiyamiriza amatora yabaye mu mpera z’indwi iheze yarimwo Perezida Alassane Ouattara biyamirije ko yitoreje ikiringo ca gatatu.

Pascal Affi N'Guessan, atavuga rumwe n’ubutegetsi yabwiye abamenyeshamakuru ko imigambwe bahurikiyemwo n’iyindi mirwi ya politike batangaje ko bashinze akanama k’igihugu ivy’imfatakibanza. Yavuze ko ako kanama kajejwe gushinga reta mfatakibanza mu masaha ari imbere.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi baza baramaze kwanka ivyavuye mu matora bongera basaba Perezida Ouattara gushiraho reta mfatakibanza y’abasivile, bituma umugambwe uri ku butegetsi ugabisha ko uko ari ukugomba gutera imidugararo mu gihugu.

Utugwi tw’abakora imyiyerekano, ugusanzaza udusandugu tw’amatora no kwugara ibiro vy’amatora vyaragaragaye mu bice bigwiriyemwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi mu matora yo kuwa gatandatu. Abantu bashika icenda barishwe muri izo mvururu.

Ubwicanyi bw’imbere y’amatora bwahitanye abashika kuri 30.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG