Uko wahagera

Impagarara Imbere y'Amatora ya Prezida muri Cote d'Ivoire


Bariyamiriza manda ya gatatu ya Prezida Alassane Ouattara
Bariyamiriza manda ya gatatu ya Prezida Alassane Ouattara

Abatavuga rumwe na reta ya Cote d’Ivoire baharanira ineza y’abanyagihugu, bariko baragabisha ko bashobora kuzibira amabarabara agana ku bibanza vyo gutoreramwo ku musi wa gatandatu.

Bavuga ko bazobikora mu ntumbero yo kuburizamwo amatora y’umukuru w’igihugu, aho Prezida Alassane Ouattara ariko yitoza mu kiringo kigira gatatu, inyuma y’imyaka 10 amaze ku butegetsi. Urunani rw’imigambwe itavuga rumwe na reta, rwarafashe ingingo yo kutaja muri ayo matora, rwongera rutera akamo amashirahamwe aharanira ineza y’abanyagihugu ko gukora ibishobotse vyose kugira ibibanza vyo gutoreramwo ntibize vyugururwe.

Ivyo bishobora gutuma haba uruhagarara muri ico gihugu catakaje abanyagihugu bashika 3000 mu bwicanyi bwabaye inyuma y’amatora yo mu mwaka w’2010 no mu 2011.

Abantu bashika 20 baramaze kwicwa muri iki gihe c’imbere y’amatora. Yamara abatavuga rumwe na reta bavuga ko amabaze kuhasiga ubuzima bashika 70.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG