Uko wahagera

Ubumwe bw'Afrika Bwemeza ko Amatora muri Gineya Yagenze Neza


Perezida wa Gineya Alpha Conde ariko aratora i Conakry
Perezida wa Gineya Alpha Conde ariko aratora i Conakry

Indorerezi z’abanyafrika mu matora muri Gineya zavuze kuri uyu wa kabiri ko amatora yabaye mu mpera z’indwi iheze yatunganijwe neza, ariko umwe mu banyepolitike ahiganwa na Perezida Alpha Conde, aramaze kwitangariza ko yatsinze.

Augustin Matata Ponyo, aserukira umuryango w’ubumwe bwa Afrika muri Gineya, yavuze ko amatora yabaye ku mugaragaro kandi hubahirijwe amategeko.

Ni mu gihe Umuyobozi w’umurwi ujejwe imyiyamamazo y’uwo munyepolitike atavuga rumwe n'ubutegetsi yabwiye abanyamakuru ko reta iriko iriba amajwi mu bikorwa vyo kuyaharura.

Umunyapolitike Cellou Dalein Diallo, ku musi wa mbere yatangaje ko yatsinze Perezida Conde, imbere yuko umurwi ujejwe amatora utangaza ivyayavuyemwo, vyitezwe kumenyekana muri iyi ndwi.

Perezida Conde, w’imyaka 82, ariko arondera manda ya gatatu ku ntebe y’umukuru w’igihugu, manda yavyuye imvururu za politike zimaze amezi zahitanye n’ubuzima bw’abantu.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko kwigina intsinzi yatangajwe na Diallo i Conakry kwavyuye imishamirano hagati y’abanywanyi biwe n’abajejwe umutekano, aho urwaruka rutari ruke rwarashwe rukicwa.

Abajejwe umutekano bamaze kwica abantu barenga cumi mu myiyerekano yiyamiriza manda ya gatatu ya Perezida Conde, yatanguye mu kwezi kwa cumi umwaka uheze.

Reta ibandanya ivuga ko itora ryagenze neza kandi ko umurwi ubijejwe ari wo ufise uburenganzira bwo gutangaza ivyavuye mu matora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG