Uko wahagera

USA: Urukingo rwa COVID-19 Ntirukibonetse Imbere y'Amatora


Small bottles labeled with a "Vaccine COVID-19"
Small bottles labeled with a "Vaccine COVID-19"

Ikiringo Perezida Donald Trump yari yaratanze avuga ko urukingo rwa Covid-19 ruzoba rwabonetse muri Reta zunze ubumwe z’Amerika imbere y’amatora yo kw’igenekerezo rya 3 ukwezi kwa cumi na kumwe ntikicubahirijwe.

Ku musi wa gatanu, ihinguriro ry’imiti rikomeye muri Amerika, Pfizer, ryatangaje ko ritazorondera uruhusha rwihuta rwo gusohora urwo rucanco atari mu mpera z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Ayandi mahinguriro abiri ariko arahiganirwa urwo rucanco yabaye arabangira kugira ico ashikirije. Irigira kane risa n’iritariko riratanga urucanco kugeza mu mpera z’umwaka.

Trump yamye avuga ko urucanco rwa Covid-19 ruzoboneka kuri benshi imbere y’itariki y’amatora. Abashakashatsi baba abo muri reta canke ab’inyuma yayo bavuze ko bitazoshoboka.

Mu ntango z’iyi ndwi, Perezida Trump yataye ishavu ku banyepolitike kuba ari bo bariko baratuma ihangiro ryiwe ritubahirizwa, ariko ntiyatanze insiguro.

Ku musi wa gatanu, umuyobozi mukuru w’ihinguriro ry’imiti, Pfizer, Albert Bourla, yavuze ko iryo hinguriro rizomenya mu mpera z’ukwezi kwa cumi nimba urucanco ryakoze rukora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG