Uko wahagera

CEDEAO muri Cote d'Ivoire Guhuza Abanyeporitike Imbere y'Amatora


Kuri uyu w’Imana intumwa z’ibihugu vyo muri Afrika y’uburengero, CEDEAO, zashitse ku murwa mukuru Abidjan wa Cote d'Ivoire. Ni mu gihe imishamirano ishimikiye ku moko yahitanye ubuzima bw’abantu babiri muri mu bice bibamwo abatavuga rumwe n’ubutegetsi. Ni mu gihe kandi hasigaye indwi zibiri ngo igihugu gitunganye amatora.

Uwuzirongoye, Shirley Botchway yamuka muri Ghana, yavuze ko ata bibazo bitorerwa umuti hatabaye kuganira. Yari ahejeje kuganira na Affi N'Guessan hamwe na Henri Konan Bedie, bose batavuga rumwe n’ubutegetsi kandi bakaba n’abakandida muri ayo matora.

Izo ntumwa za CEDEAO vyitezwe ko zibonana kandi na Perezida Ouattara hamwe n’umushikiranganji wa mbere Ahmed Bakayoko kuri uyu wa mbere.

Iyo mishamirano yadutse ku musi wa gatanu mu gisagara ca Bongouanou, mu buraruko bwa Abidjan ahagwiriye abanywanyi b’umukandida atavuga rumwe n’ubutegetsi, Pascal Affi N'Guessan, nkuko vyavuzwe n’abavyiboneye.

Ibinyamakuru vyashikirije ko amaduka n’amazu y’uburiro vyasahuwe vyongera biraturirwa, kandi ko n’imodokari zaturiwe.

Affi N'Guessan, yahoze ari umushikiranganji wa mbere, yavuze kuwa gatandatu ko inzu yiwe yaturiwe. Ababibonye bavuze kuri uyu w’Imana ko hari ubwoba bw’intambara ishobora kwaduka nk’iyabaye mu myaka cumi iheze.

Abantu hafi 15 barishwe mu mishamirano ishingiye ku moko mu mezi y’umunani n’icenda mu bisagara bitari bike muri ico gihugu, inyuma y’aho Perezida Alassane Ouattara atangarije ko yipfuza kwitoreza manda ya gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG