Uko wahagera

Imyiyerekano Yanka Kandidatire ya Alassane Ouattara muri Cote d'Ivuware


Muri Cote d’Ivuware, ishavu riraniga mu batavuga rumwe n’ubutegetsi kuri uyu wa kabiri, inyuma y’aho sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro yankiye abakandida 40 kuzohiganwa mu matora y’umukuru w’igihugu yimirije. Iyo sentare kandi ejo kuwa mbere yaremereye Perezida Alassane Ouattara ariko ishira ku ruhande uwamwitangiye ku butegetsi, Laurent Gbagbo.

Uwundi yashizwe ku ruhande ni uwahoze ari umurobeli mu nyuma aba umushikiranganji wa mbere, Guillaume Soro, w’imyaka 47, yahoze ari somambike na Ouattara. Yankiwe kuko yaciriwe igifungo c’imyaka 20 ahorwa kunyuruza amatungo ya reta.

Ariko kuri uyu wa kabiri, sentare ya Afrika ijejwe agateka ka muntu yasavye abategetsi ba Cote d’Ivuware kwisubirako bakemeza kandidatire ya Guillaume Soro.

Soro kuri uyu wa mbere yavuze ko ingingo ya sentare yo kumukura mw’ihiganwa yisunze imvo za poritike kandi ko demokarasi yahonyanzwe.

Uruhagarara rusa n’uruzoba runini imbere y’amatora yo kw’itariki ya 31 ukwezi kw’icumi muri ico gihugu co muri Afrika y’uburengero, aho abantu barenga 3 000 bishwe mu bihe vy’inyuma y’amatora mu 2010.

Imyiyerekano hirya no hino mu bisagara bitandukanye yatanguye, harimwo mu gisagara ca Bonoua kiri mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu, ahavuka Simone Gbagbo, umutambukanyi wa Laurent Gbagbo. Urwaruka hafi 300 rwakoze imyiyerekano rwanka kandidatire ya Ouattara.

Abateye kubiri n’iyo kandidatire bihereje amabarabara no mu bisagara vyo mu burengero vya Guiglo, Bangolo, Facobly na Duekoue.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG