Uko wahagera

Cote d'Ivuware: Abatavuga Rumwe na Reta Basaba Abayoboke Babo Kutitabira Amatora


Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware, Henri Konan Bédié.
Uwahoze ari perezida wa Cote d'Ivuware, Henri Konan Bédié.

Abakandida babiri batavuga rumwe n’ubutegetsi muri Cote d’Ivuware kuri uyu wa kane basavye abanywanyi babo kuzoburabuza amatora y’umukuru w’igihugu yo kuwa 31 uku kwezi kw’icumi.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Pascal Affi N'GAuessan, yavuze ko amatora ariko arategurwa ataberekeye, asaba abayoboke biwe ko boyaburizamwo bisunze amategeko yose. Yari kumwe n’uwahoze ari perezida, Henri Konan Bedie.

Ariko abo bakandida ntibavuze nimba bazova muri iryo higanwa, aho ibikorwa vy’imyiyamamazo vyatanguye kuri uyu wa kane.

Aya matora ateye impungenge muri Cote d’Ivuware, mu gihe Perezida Alassane Ouattara ariko arondera manda igira gatatu, aho benshi bafise ubwoba ko bizohava bivyara imvururu z’ubwicanyi.

Affi N'Guessan yasavye abanywanyi biwe kutagira uruhara mu gutanga amakarata yo kwiyandikisha gutora, no kuja mu myiyamamazo. Yabasavye kandi kuzibira ico yise "kudeta igamije guca mu matora" Perezida Alassane Ouattara ariko arategura.

Bompi uko ari babiri bemeye gutunganya ikiganiro ku bamenyeshamakuru kuri uyu wa gatanu.

Abakurikiranira hafi ibibera muri Cote d’Ivuware bafise ubwoba ko uruhagarara rushobora kwaduka muri ayo matora nkuko vyagenze muri kahise hagati y’imyaka ya 2010 na 2011, igihe abantu 3 000 bahasiga ubuzima.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG