Uko wahagera

ONU Isaba Amatora Atekanye kandi Adakumira muri Cote d'Ivuware


Mohamed Ibn CHAMBAS, intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere ka Africa y'uburengero na Sahel
Mohamed Ibn CHAMBAS, intumwa idasanzwe y'umunyamabanga mukuru wa ONU mu karere ka Africa y'uburengero na Sahel

Intumwa idasanzwe ya ONU mu karere ka Afrika y’uburengero kuri uyu w’Imana yarangije urugendo rw’indwi yarimwo muri Cote d’Ivuware asaba itunganywa ry’amatora y’umukuru w’igihugu atekanye kandi ata we akumira.

Mohamed Ibn Chambas, yavuze kandi ko irekurwa ry’abanywanyi barenga cumi b’uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Guillaume Soro ku musi wa gatatu, ari ikimenyetso ciza imbere y’amatora yo kuwa 31 z’ukwezi kwa cumi.

Uwo mudiplomate yamuka muri Ghana, Chambas, yateye akamo abanyepolitike bose gushitsa ivyo biyemeje vyo gutunganya amatora atekanye, adakumira, kandi yubahiriza agateka ka muntu.

Chambas, yarabonanye na Perezida Alassane Ouattara, abanyepolitike batatu mu bazohiganwa na we, komisiyo y’amatora hamwe n’abaserukira sosiyete sivile.

Cote d’Ivuware iri mu cuka kibi ca politike, aho Perezida Ouattara yagirizwan'abanyepolitike batavuga rumwe guca kubiri n’ibiringo bibiri yemererwa n’ibwirizwa shingiro agashaka kwitoza ahonyanze amategeko.

Imigumuko y’abatemera kandidatire yiwe yahitanye abashika kuri 15 mu kwezi guheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG