Uko wahagera

ONU Irashima Ihanahana ry'Imbohe zo mu Ntambara muri Yemeni


Abanyororo babohowe muri Yemeni bashitse ku kibuga c'indege i Sanaa inyuma yo kurekurwa n'inteko mvamakungu zirongowe na Arabiya Sawudite, 15-10-2020.
Abanyororo babohowe muri Yemeni bashitse ku kibuga c'indege i Sanaa inyuma yo kurekurwa n'inteko mvamakungu zirongowe na Arabiya Sawudite, 15-10-2020.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa kane ryavuze ko abanyororo barenga igihumbi barekuwe mu mabohero mu bice birimwo intambara ku mpande zibiri zirwana muri Yemeni. Ni ihanahana ry’imbohe zingana kuri urwo rugero runini ribaye kuva izo ntambara zitangura mu 2015.

Intumwa ya ONU muri Yemeni, Martin Griffiths, yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko abona ko hariko haraboneka icizere muri Yemeni. Asaba izo mpande zibiri hamwe n’indongozi zazo kubandanya muri iyo nzira no kuzoshika ku masezerano y’amahoro.

Abadiplomate ba ONU bavuze ko imbohe 1 081, ahanini zigizwe n’abanyayemeni ziriko zirarekurwa kandi zijanwa mu mihana yazo, mu misi ibiri guhera kuri uyu wa kane, nkuko biri mu masezerano yumvikanyweko i Montreux, mu busuwisi mu kwezi guheze. Harimwo kandi n’abamuka muri Arabiya sawudite batahukanwe mu gihugu cabo.

Ibihumbi vy’imbohe ziracari mu mabohero ku mpande zibiri zishamiranye, ariko abarekuwe kuri uyu wa kane ni bo benshi kugeza ubu.

Ishirahamwe ry’abagiraneza, Croix Rouge niryo ririko rirafasha gutahukana abo bahoze ari imbohe.

Ariko naho ku ruhande rwa politike hariko hagaragara inkuru zishimishije, abanyayemeni baharurwa mumamiliyoni bashobora guhura n’ibibazo vy’inzara.

Umukuru w’igisata kijejwe gutanga imfashanyo muri ONU, Mark Lowcock, yabwiye akanama ka ONU kajejwe umutekano ko umuryango wo gukinga inzara muri Yemeni uriko urugarwa.

Muri uyu mwaka, ONU yasavye imiliyaridi 3 n’imiliyoni 200 z’amadolari zo gufasha Yemeni, ariko ayamaze gutangwa ni make cane ugereranije n’ayasabwe. Ibikorwa bimwe vyabaye ngombwa ko bihagarikwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG