Abategetsi mu mareta muri Reta zunze ubumwe za Amerika bahangayikishijwe n’ingene bazocungera umutekano mu matora yimirije y’umukuru w’igihugu. Bavuga ko bariko barafata izindi ngingo, biteze ko kw’itariki 3 z’ukwa cumi na kumwe y’amatora hamwe n’imisi izokurikira hashobora kuzoba ibibazo vy’umutekano.
Iri gabisha riva ku bategetsi ku rwego rwa reta nkuru ya Wshington no mu bategetsi b’amareta, bamwe muri bo bavuga ko kujuragiza abanyamerika n’amakuru atangwa n’abanyamahanga bishobora kuzovyara ibibazo bitari bike, ndetse no gushika ku bikomeye.
Igisata kijejwe umutekano mu gihugu, muri reta ya New Jersey, cavuze mu kwezi kw’icenda, ko guteba kuzotangaza no guharura amajwi bishobora kuzovyara imyiyerekano no gutuma intagondwa zitera ibiro bijejwe amatora.
Ayandi mareta n’abategetsi bajejwe amatora cane cane inyamiramabi za FBI ntibariko bibifata minenerwe. FBI muri uku kwezi yaraburijemwo umugambi w’imirwi y’intagondwa yitwaje inkoho, wo kunyuruza buramatari wa reta ya Michigan, umudemokrate, Gretchen Whitmer.
Abategetsi ba Michigan bavuga ko bariko bahanga amaso igihe kiri imbere co gutora no gutegekanya gufata ingingo mu misi iri imbere.
Ariko uwo mugambi wo kunyuruza abategetsi wari utumbereye kandi buramatari wa reta ya Virginia, umudemokrate Ralph Northam.
Uwundi mutegetsi muri Amerika atashimye ko agaragara amazina, yavuze ko mu gihe gucungera umutekano w’amatora biteye impungenge, uyu mwaka bawushizemwo inguvu cane mu kwitegurira ubwicanyi bushobora kuzoba imbere, ku musi w’amatora, n’inyuma yayo.
Facebook Forum