Uko wahagera

USA: Abagabo 6 Bagirizwa Gushaka Kunyuruza Bulamatari wa Michigan


Muri Reta zunze ubumwe z’Amerika, abagabo 13, barimwo abanywanyi b’umuhari witwaje ibirwanisho, barahagaritswe bagirizwa gutegura kunyuruza buramatari w’umudemokrate atwara reta ya Michigan, kandi bagamije gutanguza intambara y’abenegihugu.

Umushikirizamanza mukuru wa reta ya Michigan, Dana Nessel, yavuze ko uwo mugambi wari ugamije kunyuruza buramatari Gretchen Whitmer wari ukomeye kandi atari ikintu co gufyina.

Buramatari Whitmer yaratutswe akatari gake na Perezida Donald Trump uyu mwaka ku ngingo yafashe zo guhagarika imirimo muri iyi reta kubera ikiza ca corona. Imirwi yitwaje ibirwanisho ishigikiye Trump yaragize uruhara mu myiyerekano yabaye ku murwa mukuru Lansing w’iyo reta basaba ko izo ngingo zihagarikwa.

Nessel, umushikirizamanza mukuru, yavuze ko haruhande y’abo batandatu bagirizwa gushaka kunyuruza buramatari, abandi banywanyi indwi b’umuhari witwa Wolverine Watchmen bariko barakurikiranwa ku bindi vyaha.

Bakekwa kuba bariko bagerageza kumenya ahaba abaporisi kugira babatere mu ntumbero yo gutanguza intambara hagati y’abenegihugu. Barateguye kandi gutera inyubakwa y’abashingamateka b’iyo reta i Lansing no kunyuruza abategetsi ba reta harimwo buramatari Whitmer, nkuko vyashikirijwe na Nessel.

Ikigo c’inyamiramabi ca FBI cavuze ko catanguye kumenya ayo makuru biciye ku mbuga ngurukana bumenyi kuva mu ntango z’uyu mwaka wa 2020 ko hari umugwi w’abantu bariko baraganira ku gutembagaza reta hamwe n’abo mu butungane.

Abo bagabo batandatu bagiriwe n’icaha co gushaka kunyuruza buramatari ni Adam Fox, Barry Croft, Ty Garbin, Kaleb Franks, Daniel Harris, na Brandon Caserta. Croft aba muri reta ya Delaware mu gihe abandi batanu baba muri Michigan.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG