Uko wahagera

Abaganga ba Perezida Trump Baremeza ko Yakize COVID-19


Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika Donald Trump yavuze kuri uyu w’Imana ko yiyumva neza cane kandi atakiri ku miti, inyuma y’indwi irenga yanduye umugera wa corona.

Yishura ku bibazo vy’umunyamakuru kuri televiziyo Fox News, Trump yagize ati: “Bisa n’uko mfise ubudahangarwa ku ndwara, kumbure bw’igihe kirekire, kigufi canke ubuzima bwanje bwose.”

Ariko ntiyabajiwe nimba ata uwo mugera agifise, umaze kwica abarenga 214,600 muri Amerika hamwe n’abarenga imiliyoni 7 n’ibihumbi 700 umaze kwandukira.

Trump yavuze ko abaganga biwe bamubwiye ko ata kimenyetso agifise ca Covid-19 kandi ko bisobanura ko atagisubira kwandura, kandi atawe yokwanduza.

Umuganga wo muri White House, Dr. Sean Conley yavuze ku musi wa gatandatu ko perezida yubahiriza ibisabwa n’ikigo kijejwe gukinga no kugenzura indwara, CDC kandi ko adashobora kwanduza abandi. Conley yavuze ko Trump amaze amasaha arenze 24 ata bushuhe afise.

Ariko ntibiramenyekana igihe Trump yapimwe bagasanga ntiyanduye imbere yuko ukwandura kwiwe kugaragarijwe kw’itariki 2 z’ukwezi kwa cumi. Gushika ubu aya makuru perezidanse yaranse kuyatanga, kugira hamenyekane igihe giheze Trump yaranduye ndetse n’aho yagiye araja muri ico gihe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG