Uko wahagera

Perezida Donald Trump Yavuye mu Bitaro


Perezida Donald Trump atahutse muri White House inyuma yo kuva mu bitaro
Perezida Donald Trump atahutse muri White House inyuma yo kuva mu bitaro

Perezida Donald Trump yaratahutse mu ngoro ya White House ku mugoroba w’ejo kuwa mbere avuye mu bitaro, inyuma y’imisi ine atwaweyo kuvurwa Covid-19. Agishika ku yaciye akura agapfukamunwa kandi yemeza ko agiye gusubira vuba mu myiyamamazo.

Imbere y’aho, Trump yanditse ubutumwa bwa Twitter ko abanyamerika, bamaze gutakaza hafi abantu 210 000 kubera umugera wa corona, ariko ko ataco bakwiye gutinya bagumize umutima munda.

Mu gihe ata kwezi gusigaye ngo italiki y’amatora ya 3 y’ukwezi kwa cumi na kumwe igere, ibiharuro vyerekana ko Trump aza inyuma y’umudemokratse Joe Biden, kandi ijanwa ryiwe mu bitaro naryo nyene rizotuma bizomugora gusubira aho yari ageze mu majwi.

Naho abandanya avuga ko amagara yiwe yifashe neza, amakuru yo mw’ibanga ava muri White House, ukutavuga kumwe mu bategetsi hamwe n’ikwirakwira ry’uwo mugera mu bamwegereye, bishobora gutuma atagira ubwizerwa.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, umuganga amukurikirana, Sean Conley yavuze ko Trump atahutse ariko ko hagisigaye indwi kugira akire neza burundu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG