Uko wahagera

Perezida Donald Trump Ashobora Kuva mu Bitaro kuri uyu wa Mbere


Perezida Donald J. Trump ariko agirisha inama y'akazi mu bitaro Walter Reed mu gisagara ca Bethesda, muri Maryland. Kw'itariki 03/10/2020
Perezida Donald J. Trump ariko agirisha inama y'akazi mu bitaro Walter Reed mu gisagara ca Bethesda, muri Maryland. Kw'itariki 03/10/2020

Abaganga bariko barakurikirana perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika, Donald Trump bavuze kuri uyu w’Imana ko abandanya kworoherwa uko babandanya bamuvura Covid-19. Bavuga ko ashobora gutahuka ku musi wa mbere.

Umugwi w’abaganga bamukurikirana bavuga ko urugero rw’umwuka wiwe wa oxygen rwigeze kugabanuka incuro zibiri ariko ko bisanzwe kuri buri murwayi wa Covid-19.

Umuganga wa Trump, Sean Conley yavuze ko perezida yatwawe n’indege ko bitaro vya gisirikare vya Walter Reed ku musi wa gatanu inyuma y’aho atanguye kuremba, aho umwuka wa oxygen wariko uragabanuka biteye ubwoba.

Umutegetsi mukuru mu biro vya White House, Mark Meadows yavuze ku musi wa gatandatu ko amagara ya Trump yatumye abaganga bagira amakenga ariko ko ubu yatoye mitende, kandi ko hatigeze haba ubwoba bw'uko atobasha kuzobandanya gutwara igihugu.

Mark Meadows yavuze ivyo mu gihe hari hatanguye kuvugwa ibihushanye ku magara ya perezida, bituma haba kutamenya amakuru atomoye nyakuri ku magara yiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG