Uko wahagera

Intumwa Idasanzwe ya ONU muri Mali Irashima Reta Mfatakibanza


Mahamat Saleh Annadif, intumwa idasanzwe ya ONU muri Mali, Bamako, kw'italiki 03/06/2020.
Mahamat Saleh Annadif, intumwa idasanzwe ya ONU muri Mali, Bamako, kw'italiki 03/06/2020.

Intumwa ya ONU muri Mali yavuze kuri uyu wa kane ko ishingwa rya reta mfatakibanza n’ihagarikwa ry’ibihano vyafashwe na CEDEAO vyabaye intsinzi muri ico gihugu.

Mahamat Saleh Annadif, yabwiye akanama ka ONU kajejwe amahoro n’umutekano ko ikiringo mfatakibanza ari akaryo ku banyagihugu muri Mali ko kuva mu rukurikirane bw’intwaro zavuye muri kudeta.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rifise abasirikare n’abaporisi bagiye kubungabunga umutekano muri Mali barenga 14 000. Ni abasirikare bakorera mu bihe bigoye aho kuva mu 2013, abashika 220 bamaze kuhasiga ubuzima mu rugamba n’imihari y’intagondwa hamwe n’iyikora iterabwoba.

Intumwa y’Ubufaransa muri ONU, Nicolas de Rivière, yasavye ko reta mfatakibanza ibwirizwa gushikana igihugu ku matora atawe akumira, akorewe ku mugaragaro no gusubiza igihugu ku rutonde rwubahiriza ibwirizwa shingiro.

Inyuma y’imyiyerekano y’abanyagihugu biyamiriza reta, perezida wa Mali Ibrahim Boubacar Keita, yaruhiye gukurwa ku butegetsi kw’itariki ya 18 y’ukwezi kwa munani. Ibihugu vyo mu karere bihurikiye mw’ishirahamwe CEDEAO vyaciye bikura Mali mu muryango no gushinga ibihano birimwo kwugara imbibe. Inyuma y’ishingwa rya reta mfatakibanza, uwo muryango watangaje ko uhagaritse ivyo bihano.

Inama yo kuri uyu wa kane yabaye iya mbere ibihugu 15 bigize ako kanama ka ONU kajejwe umutekano gatunganije imbonankubone mu cumba isanzwe iberamwo kuva aho umugera wa Corona usinzikarije igisagara ca New York hagati mu kwezi kwa gatatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG