Uko wahagera

Guterres Asaba ko Abantu Bose kw'Isi Bahabwa Ubuvuzi Bungana


<p>Umunyamabanga mukuru w&rsquo;ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu wa gatatu ko ikiza ca Covid-19 cerekanye ko ibihugu bikwiye kwongereza inguvu mu gukorera hamwe mu gutanga ubuvuzi kuri bose ata kuvangura kandi bidatevye.</p> <p>Gutanga ubuvuzi kuri bose kw&rsquo;isi ni umwe mu migambi ya ONU yo gushika kw&rsquo;iterambere rirama mu 2030. Ariko Guterres yavuze ko iki kiza, kimaze kwica umuliyoni urenga w&rsquo;abantu kw&rsquo;isi, cerekanye ko ari ngombwa ko hakenewe igikwiye gukorwa vuba.</p> <p>ONU yavuze ko abantu bose kw&rsquo;isi bakwiye kuronswa ubuvuzi bakeneye hatarinze gusabwa amafaranga. ONU kandi yarashimikiye ko abantu bose bapimwa Covid-19 vyihuta no kuvurwa mu gihe barwaye, ndetse no kuzoha abantu bose kw&rsquo;isi urucanco, igihe ruzobonekera.</p>

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG