<p>Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yavuze kuri uyu wa gatatu ko ikiza ca Covid-19 cerekanye ko ibihugu bikwiye kwongereza inguvu mu gukorera hamwe mu gutanga ubuvuzi kuri bose ata kuvangura kandi bidatevye.</p>
<p>Gutanga ubuvuzi kuri bose kw’isi ni umwe mu migambi ya ONU yo gushika kw’iterambere rirama mu 2030. Ariko Guterres yavuze ko iki kiza, kimaze kwica umuliyoni urenga w’abantu kw’isi, cerekanye ko ari ngombwa ko hakenewe igikwiye gukorwa vuba.</p>
<p>ONU yavuze ko abantu bose kw’isi bakwiye kuronswa ubuvuzi bakeneye hatarinze gusabwa amafaranga. ONU kandi yarashimikiye ko abantu bose bapimwa Covid-19 vyihuta no kuvurwa mu gihe barwaye, ndetse no kuzoha abantu bose kw’isi urucanco, igihe ruzobonekera.</p>
Facebook Forum