Uko wahagera

Guterres: Abanyamadini Gukorera Hamwe mu Kurwanya COVID-19


Guterres Yakirwa na Papa Francis i Vatikano, kw'itariki ya 20/12/2019
Guterres Yakirwa na Papa Francis i Vatikano, kw'itariki ya 20/12/2019

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Antonio Guterres yasavye indongozi z’amadini kuri uyu wa kabiri kugira uruhara rukomeye muri uru rugamba rwo kurwanya umugera wa Corona.

Mw’ikoraniro n’indongozi z’amadini hamwe n’abadiplomate hakoreshejwe ubuhinga bwa none, Guterres yasavye izo ndongozi gukorera hamwe, kwegezayo ivyoza bibatandukanya.

Kaminuza ya Johns Hopkins muri Amerika, itangaza ko abantu barenga imiliyoni 4.2 kw’isi bamaze kwandura COVID-19 hamwe n’abarenga 287 000 umaze guhitana.

Kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa gatatu, Guterres yasavye ihagarikwa ry’intambara kw’isi kugira imitima n’uburyo bw’amafaranga vyerekeze ku kurwanya uwo mugera. Arashimira abarongozi b’amadini kuba baramushigikiye kuri ako kamo, ariko ababazwa nuko gushika ubu intambara zikibandanya mu bice bitandukanye kw’isi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG