Ishirahamwe mpuzamakungu ryita ku magara y’abantu, OMS ryatangaje kuri uyu wa kabiri ko rigiye gutanguza amatohoza kumaraporo mashasha y’ivyaha vyo gusambanya abakenyezi n’ayandi mabi yakozwe n’abakozi baryo muri Repubulika ya demokarasi ya Kongo. Ivyo vyaha vyoba vyarakozwe n’abakozi ba OMS bari mu mugambi wo kurwanya ikiza ca Ebola.
Amatohoza ya mbere yakozwe n’ishirahamwe ry’abagiraneza, Thomson Reuters Foundation, rifise icicaro mu Bwongereza yasanze ivyo vyaha vyakozwe mu gihe c’ikiza ca Ebola, hagati y’imyaka ya 2018 na 2020. Thomson Reuters Foundation, ni ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru bakurikirana amakuru y’ibikorwa vy’abagiraneza, agateka k’abakenyezi, urudandaza rw’abantu, ruswa hamwe n’ihindagurika ry’ibihe
Ayo matohoza yasanze kandi n’abakozi b’ikigega ca ONU cita ku bana, Unicef, ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe, Medecins Sans Frontieres, Oxfam, World Vision, na OIM, ndetse n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu muri RDC barabigizemwo uruhara.
Vyinshi muri ivyo vyaha vyakozwe n’abagabo bakorera ayo mashirahamwe bahendesha abakenyezi inzoga, bakabasaba kuryamana nabo kugira babone kubaha ubuzi atar’uko bakabwimwa, ababufise nabo bakagabishwa kutongereza amakontara.
Hafi 81 kw’ijana ry’abakozi ba OMS bariko barwanya Ebola bari abagabo, nkuko raporo yo mu 2019 yavyerekanye.
Facebook Forum