Uko wahagera

Abanyagihugu mu Bulaya Baridogera Ingingo zo Kurwanya COVID-19


protests in London

Amategeko mashasha agamije guhagarika ikwirakwira ry’umugera wa corona yateye ishavu n’imyidogo kuri uyu w’Imana mu banyagihugu ku mugabane wa Bulaya, mu gihe kw’isi yose abo uwo mugera umaze guhitana bariko begereza umuliyoni.

Abanyagihugu bakoze imyiyerekano i Madrid muri Esupanye bidoga bavuga ko ingingo nshasha zo guhagarika imirimo zashizweho mu ntumbero yo guhagarika irwirirana ry’abandura zivangura kandi zikora cane mu bice bibamwo abakene.

Mu Bufaransa, abategetsi baridogerwa na bene amazu y’uburiro n’ubunywero yugawe mu gisagara ca Marseille. Ico gihugu cabonye abandura biyongera mu ndwi ziheze, aho kuwa kane n’uwa gatanu handura 16 000 ku musi.

Ku musi wa gatandatu, abantu barenga 10 000 biyamiriza ingingo zigamije guhagarika irwirirana ry’uwo mugera barahanganye n’abaporisi bariko barababuza imyiyerekano mu mabarabara hagati mu gisagara ca Londres.

Abategetsi b’Ubugiriki bavuze kuri uyu w’Imana ko umwimukira wa mbere yari muri amwe mu makambi y’impunzi muri ico gihugu, umunyafuganistani w’imyaka 61 yishwe na Covid 19.

Mu Buhindi, abamaze kwandura begereje imiliyoni zitandatu gushika kuri uyu w’Imana, mu gihe umushikiranganji wa mbere Narendra Modi asaba abanyagihugu kuguma bambaye udupfukamunwa ahakoranira abantu benshi.

Kaminuza John Hopkins yo muri Amerika ivuga ko kw’isi, abantu barenga 999 300 baramaze kwicwa na Covid-19.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG