Uko wahagera

Ubulaya Buragabisha ko COVID-19 Yongerekanye Biteye Ubwoba


Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Bulaya kuri uyu wa kane ryagabishije ko umugera wa corona wiyongereye mu baryo burenze kuruta uko wari umeze mu kwezi kwa gatatu, aho wandukira biteye ubwoba mu bihugu bitari bike vy’uwo muryango. Amareta ya bulaya no hirya y’uwo mugabane basubijeho ingingo zo kurwanya ikwirakwira ryawo.

Ubufaransa bwavuze ko kuri uyu wa kane ko bwaronse abanduye bashasha barenga 16 000, inyuma y’umusi umwe butangaje ingingo zikomeye zo kugenzura abandura, cane cane mu gisagara ca Marseille kiri kw’ibahari Meditarane, gisinzikaye kuruta ibindi.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubugiriki, Kyriakos Mitsotakis, nawe yagabishije ko hashobora guhagarikwa imirimo mu gisagara ca Athene kiretse abanyagihugu bisubiyeko bakubahiriza kwambara udupfukamunwa no kwirinda kwegerana.

Muri Isirayeli, amashure yarugawe kandi n’ibikorwa vyo kwinezereza vyahagaritswe mu ndwi iheze inyuma y’aho abandura bongeye kwiyongera.

Komiseri w’Ubumwe bwa Bulaya muvyo amagara y’abantu, Stella Kyriakides, yavuze ko mu bihugu bimwe vyo muri uwo muryango, umugera wa corona wongereje inguvu kuruta mu kwezi kwa gatatu.

Ibihugu birimwo Esupanye hamwe n’ibindi bihugu vyo mu buseruko bwa bulaya, abinjira ibitaro cane cane abageze muzabukuru ndetse n’abahitanwa n’uwo mugera biyongereye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG